MPWEMU YERA, ARI WE MPWEMU MWERANDA, ASHOBORA KUGUHA GUTSINDA KU MUSI KU MUSI.
Ngizi ingingo zitatu zogufasha kuibitahura:
- Utarakira Yesu Kristo ngw abe Umukiza wawe, wariganza mu vyo wakora vyose. ( Yes. 53:6).
- Umaze kwakira Yesu Kristo, Mpwemu Yera yaciye aba mu mutima wawe. (Rom. 8:9).
- Mpwemu Yera afasha umukristo wese kwama anezerewe. Ubwo ni bwo buginyo bwuzuye umwidegemvyo. (2 Kor. 3: 18).
TWITEGEREZE ICO IGITABO C'IMANA KITUBARIRA KU VYA MPWEMU YERA.
- Mpwemu Yera n'lmana (Ivyak. 5:3-5).
- Mpwemu Yem abe mu muntu wese yakiriye Yesu Kristo ngw abe Umukiza wiwe. (1 Kor. 3:16).
- Mpwemu Yera n'Umwigisha wacu (Yoh. 14:26).
- Mpwemu Yera aradufasha mu ntege nke zacu (Rom. 8:26).
- Mpvvemu Yera afire ubushobozi gusumba izindi mpwemu zose (1 Yoh.4:1-4).
- Mpwemu Yera aduha kwame imbuto nziza mu bugingo bwacu (Gal. 5:22,23). 7. Mpwemu Yera aduha ubushobozi bwo gushingira intahe Kristo (Ivyak. 1:8).
BIBILIYA ITUBWIRA IVYEREKEYE ABANTU B'UBURYO BUTATU.
UMUNTU ATAR'UMUKRISTO
1. Uyo n'umuntu atarakira Yesu Kristo ngw abe Umukiza wiwe. Mpwemu Yera ntaba muri we.
Dusoma nmu gitabo c'Irnana ngw
Arik'umuntu afise umubiri n'ubwenge gusa, ntiyemera ivya Mpwemu w'lmana, kukw ar' ubupfu kuri we, kandi ntashobora kubimenya, kuko vyitegerezwa mu buryo bw impwemu (1 Kor. 2:14).
Itegereze neza igicepu gikurikira:
Umuntu w'uburyo bwa mbere
IKI GICAPU CEREKANA INGENE UMUNTU ATARI UMUKRISTO AMERA
![]() |
||
| = Intebe y inganii yo mu mutima wumuntu |
||
| = Nya muntu nyene | ||
| = Yesu | ||
Biraboneka neza yuko:
- Yesu Kristo atari mu mutima wiwe.
- Umuntu atari umuKristo ni we yicaye ku ntebe y'inganji mu mutima wiwe.
- Uyo muntu akeneye kwakira Yesu Kristo ngw abe Umukiza wiwe.
Umuntu w'uburyo bwa kabiri ni:
UMUKRISTO YUZUYE MPWEMU YERA ARI WE MPWEMU MWERANDA
2. Twakiriye Yesu Kristo ngw abe
Umukiza wacu, duca twuzuzwa Mpwemu Yera (Rom. 8:9). lyo twujujwe Mpwemu Yera duca twemerera Yesu Kristo ngw atuganze akaturongora. Mpwemu Yera aca yama imbuto muri twebwe kandi agaca aduha ubushobozi bwo kwama dushingira intahe Kristo (Ivyak. 1:8).
Dusoma mw Ijambo ry'Imana ngw
Iyo twemereye Yesu Kristo kutupnza muri vyose tugomba kwama tunezereza Imana. Urebona yuko:
iki gicapu kitwereka ingene umuKristo yuzuye Mpwemu Yera amera
UMUKRISTO YUZUYE MPWEMU YERA
Uyo Mukristo: |
![]() |
Ubugingo bwiwe bwerekana |
Biraboneka neza yuko:
- Yesu Kristo aba mu mutima wiwe kandi ar'Umukiza wiwe.
- Yesu Kristo ni we amuganza.
- Uyo muntu n'umusavyi agemburukira Yesu Kristo.
- Uyo mukristo ko yemeye kurongorwa na Mpwemu Yera, imbuto za Mpwemu zirongerekana muri we, kandi arakura agakomera mu bukristo. Yaman iyo umukristo atuzuye Mpwemu Yera, amere nk'uyu muntu muntu w'uburyo bga gatatu.
3 Umuntu w'uburyo bwa gatatu ni:
UMUKRISTO YIKUNDA
Umukristo yikunda yitwaririka ibimunezereza gusumba ibinezereza Imana. Uyo mukristo ameze nk'umwana mutoyi yama agornba ibimuhimbara, ameze nk'umuntu w'isi gusa. Dusoma mw Ijambo ry'Imana ngo:
Kubganje. bene data, sinashoboye kubabwira nk'ab'impwenu, ariko nababwiye nk'abaganzwa n'akameremere k'imibiri yabo, nk'abana b'Inzoya bo muri Kristo. Nabaramije amata, sinabagaburiye ivyo kurya bigumye: kuko mutaribgabishobore. Kandi na none ntimurabishobora. kuko mukiganzwa n'ivy' akameremere kanyu. Ko muri mwebwe har' ishari n'ugutongana, ntimuganzwa na vyo? Ntimugenda nk'abantu? (I Ab'i Korinto 3:1-3).
Ubu na ho ni witegereze:
iki gicapu kitwereka ingene umuKristo yikunda amera.
UMUKRISTO YIKUNDA
Uyo Mukristo: |
![]() |
Ubugingo bwiwe bwerekana |
Nkuko nwvyiboners:
- Yesu Kristo aracari mu mutima w'uwo muntu ar' Umukiza wi we.
- Yamara biboneka k'uwo muntu ari we yiganza.
- Yesu Kristo ntamugenza rwose muri vyose.
Umukristo yikunda rimwe no rimwe aragerageza kunezereza Imana yamara uko agira kwose biromwankira:
Bibiliya itubwira igituma atsindwa:
Sinzi ico nkora, kukw ico ngomba gukora atari co nkora, arikw ico nanka akaba ari co nkora. Ndazi yuko muri jewe, mu kameremere kanje, ata ciza kimbamwo. Kuko kugomba gukora iciza kubana nanje ariko kugikora nta kwo. Ewe jewe ndagowe! Ni nde yonkiza umubiri untera uru rupfu? (Rom. 7:15,18,24).
Kubw'ivyo:
Umukristo yikunda ntagira umunezero mu bugingo bgiwe. Kenshi na kenshi ivyaha biramunesha. Rimwe na rimwe ntiyigenza nk'umukristo.
Hinge twiyibutse ivyo twasomye, twongere twitegereze:
BA BANTU B'UBURYO BUTATU
1. UMUNTU ATAR'UMUKRISTO |
2. UMUKRISTO YUZUYE MPWEMU YERA |
3. UMUKRISTO YIKUNDA |
|
|
|
None ga mugenzi, umeze nka nde mur'aba bantu batatu? Wumva wifuze kumera nka nde muri bo?
NONE UMUKRISTO YIKUNDA YOKWUZUZWA MPWEMU YERA ATE? TWUZUZWA MPWEMU YERA KUBWO KWIZERA
Duhinduka abakristo iyo twizeye yuko Yesu Kristo ar' Umukiza wacu. Twuzuzwa Mpwemu Yera kubgo kwizera gufatanije no kwizigira Imana hamwe no kwumvira Ijambo ryayo. Woshobora kwerekanisha ukwizera kwawe mu gukurikiza izi ngingo zitatu ubu nyene.
- BWIRA IMANA K'UGOMBA IJWUZUZWA MPWEMU YERA Hahirwa abafise inzara n'inyota vyo kugororoka, kukw ari bo bazohazvva (Mat. 5:6).
- WATURIRE IMANA IVYAHA VYAWE. Ni twetura ivyaha vyacu, ni yo yo kwizigirwe kandi igororoka ivyo ni vyo bituma iduharira ivyaha vyacu ikatwoza ukugabitanya kwose (I Yoh. 1:9).
Kwatura ivvaha bisobanurwa ko: a) Wemerera Imana ko wacumuye b) Ushimira Imana ko yaguhariye, ikakwoza mu maraso ya Yesu Kristo yagupfiriye ku musaraba kubera ivyaha vyawe. c) Uvuye mu vyaha vyawe, ukumvira Imana. Uko ni kwo kwihana nyakuri.
NI WIHEREZE IMANA Kandi ntimugahe icaha imibiri yanyu ngw ikoteshwe n'ukugabitanya; ariko mwishikanire Imana nk'abazuke bavuye mu bapfuye, n'imibiri yanyu muyihe Imana, kugira ngw ikoreshwe no kugororoka (Rom. 6:13). Tugomvye kwuzuzwa Mpwemu Yera dukwiye kwemera Yesu Kristo ngw aganze ubugingo bwacu hamwe n'ivyo dukora vyose. Ni we akwiye kuganza ubutunzi bwacu arnafaranga, inka, amatongo, igihe cacu c'umwidegemvyo, ibikorwa vyacu, uburyo tubana n'imiryango yacu, abagenzi bacu n'abandi. None ga mugenzi, warakurikije izo ngingo zitatu? Ousubiremwo tuzisome?
UBU RERO NI WIZIGIRE KW'IMANA IKWUZUZA MPWEMU YERA
Imana ishobora kukwuzuza Mpwemu Yera ni waba wizeye kwishobora kubikora. Har' ikintu bibiri bikum-bikum ukwiye kwibuka: 1. GAMBURUKIRA IBWIRIZWA RYAYO RYO KWUZURA MPWEMU YERA Kandi ntimukaborerwe vino irimwo ubuhumbu, ariko mwuzure Mpwemu. (Ef. 5:18) 2. NI WIZIGIRE ISEZERANO RYAYO RYO KUKWUZUZA MPWEMU YERA. Ubu ni bwo bushizi bw'ubwoba dufise kuri yo, n'ukw iyo dusavye ikintu cose gihwanye n'ivy igomba, itwumva. Kandi ko tuzi yuko yumva ico dusavye cose, bitumenyesha yuko duhawe ivyo tuyisavye (I Yoh. 5:14, 15).
UBU NYENE NI WIZERA, WOSHOBORA KWUZUZWA
MPWEMU YERA
Ugusenga n'uburyo bumwe bwo kwerekana ukwizera kwawe.
KUMBURE WOSHIMA GUSENGA UTI:
Mwami Yesu, ndagombe ko wsgwnza ubugingo bganie. Namye niganza, non' ubu ndemera kw ico aekaha. Ubu rero ndacihannye kandi-ndakwishikeniye, ndarneye kw ari we nzohora ngemburukira.
Ndagukengurukiye ko wampwiye ivyaha vyanj e. Ubu nemeye ibwirizwa ryawe, kandi nizigiye k'ushobora kunyuzuza Mpwemu wawe Yera. Ndagukengurkiye yuk' unyujuje Mpwemu nk'uko wabisezeranye.
Mbega wumva wokwemerera Imana ngw ikwuzuze, ikakuganza ikaguha ubushobozi mu bugingo bwawe?
Wumva wokwemerera kuvuga ico gisabisho ubu nyene?
ASANGWA WIZIGIYE, WOSHOBORA KUMENYA KO WUJUJWE MPWEMU YERA
Mbega witeguye nk'uko twabisobanuye ku mpapuro za 12-14? Wumva wizigiye kw Imana yashikije isezerano ryayo ryo kukwuzuza Mpwemu Yera?
Iki gicapu c'umuduga cerekana ingene umuntu ashobora kwuzuzwa Mpwemu Yera kubwo kwizera.

- Ukuri n'amasezerano y'Imana tubigereranya n'imoteri y'umuduga. UKURI gufise
ubushobozi bwo kuturongora. - Ukwizera Imana tukugereranya n'irisansi. UKWIZERA kudufatanya n'UKURI.
- Ivyiyumviro tubigereranya n'umukogote ukwegwa n'umuduga. Ni twakurikiza ukuri, IVYIYUMVIRO vyacu bizokurikira inzira y'ukuri.
- Twizera Imana n'ukuri kwayo kuruta ivyiyumviro vyacu.
WOSHOBORA KUBANDANYA KWUZUZWA MPWEMU YERA NO KUGANZWA NA WE
Ni wongera gukora icaha c'ukwiganza, utegerezwa gukora ibi bintu bibiri bikurikira:
- Banta wihane imbere y'lmena: lzoca iguharira kandi yongere ikwoze ivyaha
vyawe-(Yoh. 1:9).
Uhebe ico caha-co kwigenza. - Uteysrezwa kwuzuzwe Mpwsm Yera, akepnzwe kandl cgskomozm no we.
Saba Umwami Yesu ngw akwiganzire muri vyose. Gamburukirs ibwirizwa ry'Imana
ryo kwuzuzwa Mpwemu Yera (Ef.6:18).
Kandi wizere kw Imana ishitsa iryo sezerano (I Yoh.5:14,15).
Urama ugenza urtyo igihe core Mpwemu Yea azokwereka icaha mu bugingo bwawe. Gurtyo uzoheza unezerwe, wame imbuto za Mpwemu.
Ni wizera kw Imana iguma ikwujuje mur' ubwo buryo, gurtyo
Yesu Kristo azogurna ari ku ntebe y'inganji mu mutima wawe.
Ushobars kumenya me ko:
IYO URONGOWE KANDI UKAGANZWA NA MPWEMU YERA:
1. Ubuzima bwawe buzotera imbue mu kwema imbuto ya Mpwam Yera
(Gal. 6:22.23).
2: Ammengesho yaws azogire akanaro (Yak. 5:16).
3. Uzorushiriza gutshura ivyanditrvva vyera (2 Tim. 3:16).
4. Uzoronka ubushobozi bwo gushingira intahe Yesu (Ivyak. 1:8).
5. Imata izoguhs inkomezi zo gutsinds ibikuperogeza n'ivyaha
(I Kor. 10:13).
6. Uzokwama wizigira Imana n'amaaezerano-yayo (2 Pat. 1:3-11).
7. Uzobandanya kuguma wujujwe Mpwemu Yera kubgo kwizere
(Heb. 11:6; I Yoh. 5:1-5).
8. Uzohabwa ubushobozi ku mpwemu zihumanye (1 Yoh. 4:1-4).
Ikintu gikum rwose n'uko:
WOKWAMA UIA GUSENGA
Iyo igisate vy'inkwi bikomanijwe mu muriro, biraka cane, ariko iyo ukuye igisate kimwve mu ziko ukagishira ukwa conyene gica gitangura kuzima.
Nawe n'uko nyene, vyokugora kuba umukristo udafatanije n'abandi.
N'ikintu gikuru cane gufatanya n'abandi bakristo bakiriye Yesu Kristo ngw abe Umukama wabo n'Umukiza.
Ukwiye gufatanya n'ishengero ry'abantu bemera ko Bibiliya ar'iy'ukuri, kandi bakagamburukira Yesu Kristo (Heb. 10:25).


